Kuva kera na rindi, abagabo bibaza ko basumba abakenyezi. N’ubu ahatari hake babafata nk’abadashoboye. Ivyo rero bituma abagore bakumirwa. Ndetse, bakakwa n’uburenganzira bwo kwihitiramwo imyuga bipfuza. Ariko, babitewe n’ubukene, hari abarya umutima amenyo bagakora imyuga yitwa ko yagenewe « abagabo». N’aho yoba igoye cane. Ivomo ryaraganiriye n’abo bakenyezi badasanzwe, mu ntara zitatu.
Mu kiringo c’imisi ine, umumenyeshamakuru w’Ivomo yagendeye intara za Kirundo (mu buraruko), Rutana (Kumoso) hamwe na Bujumbura (Bujumbura rural). Niho yahuriye n’abo bagore birimizi bafise ingabirano zitangaje mbere zigereranywa n’iz’abagabo.
Patirisiya, umusoza w’ubwato
Umumenyeshamakuru yahagurutse Bujumbura igihe c’isaha cumi n’imwe z’igitondo. Yerekeza muri zone Mugendo, komine Ntega, intara ya Kirundo. Ni ku mupaka w’Uburundi n’Urwanda (ibirometero vyababa 200 uva Bujumbura). Muri ako karere niho hari Narunganzi, kimwe mu biyaga 8 vyo mu buraruko. Ni naco umumenyeshamakuru yarondera. Kino kiyaga kigabura imisozi ya Kanyagu (muri Mugendo) na Rungazi (muri zone Murungurira). Hafi isaha 4 z’igitondo, ng’uwo arahashitse. Hateye igomwe: ibiti, ibitoke, imirima itotahaye, amashurwe, …Umwanya wose uguma wumva akayaga, akamotera k’amashurwe… Abana birirwa barahakinira, n’agahuzu bakuye. Abasǎre – abagabo bajabutsa abantu n’ibintu mu bwato – baguma banyuragiranwa mu mazi. Igiciro co kuva ku nkengera uja ku yindi ni amafaranga 50. “Ni make cane. Ntiyobeshaho umuryango ” , nikwo umwe muri bo yabwiye Ivomo.
Umumenyeshamakuru wacu yabaye akiganira n’abo bagabo, aza abona haserutse umukenyezi akiri muto. Yirabura, muremure, mu maso hiburungushuye, imishatsi y’intetere… Ari kumwe n’abana biwe batatu. Yitwa Patirisiya Minani. Afise imyaka 32. Uyu mugore aguma atwengatwenga, yashitse aramutsa abari ngaho bose. Ahejeje ahitana ingafe (ikimanyu c’igiti bakoresha mu gusoza), yurira muri bumwe mu bwato buhari, bufise nk’imetero 8 z’uburebure. Ahagarara ku gasunwa kabwo arasoza akanya gatoya,kugira abusuzume. Aca abwira abana biwe ati: “Bumeze neza. Urire dutahe burije !”. Abana babusimbiramwo. Nyina abwereka inzira ija Kanyagu, ku yindi nkengera.

Ariko bagihaguruka, umumenyeshamakuru w’Ivomo yabanje kubahagarika. Kubera vyari vyamutangaje rwose: “ Mupfaso, urazi gusoza koko ?” Uwundi arishura amwenyura ati : “ Biroroshe cane. Mbere no kwoga ndabizi”. Umumenyashamakuru ati “soza turabe!”
“Yemwe, untumye ikintu gito”, nikwo Patirisiya yishuye ahagaze hamwe ku gasunwa k’ubwato nyene. Aca arasoza bitanamugoye. Ageze nko ku metero 100 mu kiyaga hagati, arabuhindukiza maze abugarukana buri ku muvuduko munini nk’uko abagabo babikora. Abari ku nkengera bose bakura hasi bamukomera amashi…
Umumenyeshamakuru, yumiwe, aramubaza: “Watanguye gusoza ryari? Wavyize gute?”.
“Nabitanguye mfise imyaka iri hagati ya 12 na 15. Kubera isomero nizeko n’isoko dusumiramwo biri ku ruhande rwa Mugendo, vyasaba ko twama tujabuka iki kiyaga n’imiburiburi kabiri ku musi. Kenshi, abakobwa vyaratugora. Twarindira abahungu canke abagabo kugira batujabukane. Iyo bataje naho twaca dusiba kw’ishure. Harageze igihe ndabona ko bidakunda. Vyansaba kwibako. Gurtyo nca ndavyiga. Nahereye kwoga. Gusoza navyize mu nyuma”.
N’ubwo uyu mugore akunda aka kazi, yemeza ko kadakwiye konyene kugira umuryango wiwe ubeho neza:
“Umuntu umwe ndamujabukanye ariha amafaranga 50. Nkaba nsanzwe njabuka incuro ziri hagati ya 20 na 30 ku musi. Uca wumva ko ninjiza hagati y’1000 n’1500 ku musi. Ni amahera make cane. Ntiyogaburira abana banje”. Yongerako ati: “Nca nitunganya ukundi ku buryo ndonka umwanya wo gukora n’ibindi bikorwa. Kenshi mu gitondo nzindukira mu mirima. Inyuma y’umutaga naho nkaza ku kiyaga”.
Umucance wa Patirisiya ni umurimyi. Ariko nawe nyene arazi gusoza. Patirisiya yabwiye Ivomo ko babanye neza:
« Ntiyigera ambuza kuza ngaha ku kiyaga. Mbere amfata nk’umupfasoni w’intwari, nshoboye gutunga umuryango no mu gihe yoba atari hafi. Mu vy’ukuri ni umutambukanyi mwiza ».
Abagabo bamwe bamwe barinuba abagore bakora uwu mwuga. Nico gituma Patirisiya ataronka abakiriya benshi. Salvator* ni umwe muri abo bagabo.
«Ntaho vyakabonetse ko umugore asoza ubwato. Abe atarekuriwe no kuroba hama ngo asoze! Ni ibara ku mutemere! Imicokama y’igihugu irageramiwe », nikwo uwo mugabo w’imyaka 59 abibona. N’agahinda kenshi abandanya avuga ati: «Ari umugore ariko arasoza sinopfa mponyoje ikirenge mu bwato! Ni umuvumo! ».
Naho biri ukwo, uwo mupfasoni w’abana batatu ntaco bimubwiye.
«Abagabo bamye bamfata nk’umugore atagira indero. Ko batari bungaburire bambuza kurondera kubera iki? Nta n’ico bimbwiye. Birabaraba kuko jewe ndazi ico nkora. Ndafise inguvu zo kubikora nk’uko mfise n’izo kurima. Kubera iki bibaza ko ntoshobora gusoza? » nivyo bibazo Patirisiya yibaza imbere yo kubandanya ati: «abagabo bashaka gufata abagore nk’abana. Ariko ivyo ntidushobora kuguma tuvyemera ».
Kiretse uwo mugore asoza ubwato, hari n’abandi bakora ubuzi bwitwa ko bwagenewe abagabo. Akarorero ni mu kiyaya ca kumoso, mu ntara ya Rutana. Kugira bashobore kurangura neza ibikorwa vyo mu mirima, kubera iri kure y’aho baba, bikora ku makinga.
Abagore batwara amakinga
Kumoso ni kamwe mu burere bwimbuka cane bugaburira igihugu c’Uburundi. Ni ikiyaya gifise uburebure burenza ibirometero 160 n’ubwaguke buri hagati y’ibirometero 10 na 30.
Umumenyeshamakuru w’Ivomo yagendeye ikomine ya Giharo (hafi ibirometero 200 mu buseruko bw’igisagara ca Bujumbura). Ni ku mupaka Uburundi buhana n’igihugu ca Tanzaniya. Iyi komine igizwe n’uturere dukurudukuru dutatu: Giharo, Butezi – umurwa mukuru wa komine – na Muzye. Abarimyi benshi n’abadandaza bakunda kuba muri Butezi. Imvo, ni hafi y’ibarabara rikuru rija ku murwa mukuru w’intara.
Muri utwo turere haca inzuzi zitatu: Malagarazi, Mukazye na Mâzimēro. Ibikorwa vy’uburimyi ahanini birangurirwa kure ya Butezi. Mu duce nka Mutwana, Mabuye, Kibimba… twegereye izo nzuzi canke imyonga. Biragoye kuhashika n’amaguru. Kugira umuntu ashikeyo, akenera uburyo bwo kwiyunguruza. Ahanini, mu kiyaya ca kumoso, ibikorwa vyo mu mirima birangurwa n’abagore. Nico gituma benshi muri bo usanga bazi kugendesha amakinga. Ibintu bitamenyerewe mu mitumba y’uburundi.
Ni igihe c’isaha 7 n’iminota 14 muri Butezi. Devota*, umukenyezi w’imyaka 42, avuye mu mirima. N’umwana mu mugongo, uyu muvyeyi w’abana 6 ariko arasunika ikinga, ripakiye umufuko w’ivyimburwa. Hejuru kuri wo yarengejeko inkwi. Ntiyaryuriye nkuko yahora abigenza kubera ryamupfanye. Bimutuma atambuka yihuta cane kugira ashike kare. Yihutira gukinjika, kugira agaburire abana bavuye kw’ishure.

Kugira baganire neza, umumenyeshamakuru wacu yahisemwo gufatanya nawe urugendo. None Devota* yiyumva gute iyo ariko aratwara ikinga ? “Ni ibisanzwe”. Niyo nyishu yiwe. Ariko yemeza ko ikinga ari ngirakamaro mu kumoso.
“Utarifise ntaco wokwimarira. Muri kino kiyaya dufata ingendo ndende cane kugira dushike mu mirima. Dutegerezwa kugendesha amakinga. Atari ukwo tworara mu nzira. Imisi yose tuvyuka agaturuturu. Kandi no kuvoma dukoresha amakinga ”.
Mbega ho gutwara ikinga ahetse n’umwana abifatanya gute? “Biroroshe. Ndamushira mu mugongo hama ngatubika neza kugira ntakoroke. Basha nca ndaryurira. Ndashobora kugenda ibirometero 30 ata ngorane n’imwe”. Abandanya asigura :
“ Igihe natangura kurigendesha, haciye imyaka 17, sinashobora kumara umwanya muremure ndiko ndaritwara. Naca numva ndushe ntaragenda n’ikirometero. Kenshi mbere naragira n’amasanganya. Ariko ubu naramenyereye”.
Abagore bamwe bamwe batwara imizigo isumba iyo abagabo batwara. Akarorero ni Yuliyeta* w’imyaka 31. Arashobora kugenda ibirometero 20 apakiye umuzigo w’ibiro 100 kwikinga. Umumenyeshamakuru yamusanze kw’ibarabara ahejeje gupakira umuzigo:
“Nta ngorane n’imwe ngira mpakiye umuzigo munini. Ndurira nkongera nkururuka ikinga ryanje ata n’umwe amfashije. Mu vy’ukuri ndakunda gutwara ikinga. Ndibuka ko n’igihe umugabo wanje yandesha namusavye ko yobanza kuringurira. Avyemeye nararyohewe cane”, nikwo Yuliyeta* asigura, n’akuya mu maso.

Naho biri uko, abantu ntibabibona kumwe mu kibano. Godeliva* ni umuvyeyi w’abana bane. Ariyamiriza rwose umugore uwari we wese agendesha ikinga.
“Birateye isoni. None mu rugo umugore akoze ivyagenewe umugabo wumva ari nde yotegeka uwundi? Vyoca bigorana. Koca kaba akajagari. Nukuri simbona iyo tugana ”.
Emmanuel* bavyumva kumwe:
“abagore bacu bashaka kwigenza nk’abasirimu. Nico gituma bigoye cane kubatungira mu mitumba. Sindakubesha turahagorewe!”.
Hari n’ababibonamwo iterambere. Nk’akarorero, Jean Bosco.
“Nta ngorane ndabibonamwo umugore atwaye ikinga. Ni ikintu ciza rwose. Riramufasha kwibeshaho no gutezimbere umuryango. Mbere ni ikimenyetso cerekana ko abarundi batanguye kwuguruka. Ntitwoguma mu vyakera”,
nikwo abisigura.
“Ndakunda ingene Yuliyeta* atwara ikinga. Ndamwemera. Ndibuka umusi umwe tugiye i Bukemba, turikumwe. Ni urugendo rw’ibirometero birenga 10 uvuye Butezi. Nari mfise ikinga ryanje nawe afise rwiwe. Emwe, yaranyenuriye! Nari nzi ngo ndi umuhinga ariko naratangaye”.
Mu mwanya w’ibikorwa vyo mu mirima abagabo baba bari he?
Hari ikindi gihambaye cerekana uruhara rw’abakenyezi birimizi mw’iterambere ry’imiryango n’iry’igihugu. Umumenyeshamakuru yaragendeye uduce tumwe tumwe muri komine za Kanyosha na Kabezi, mu ntara ya Bujumbura. Intumbero, kwirabira ubwiwe uruhara rw’abubakanye mw’irangurwa ry’ibikorwa vyo mu mirima. Hose yahaca hagati y’isaha 3 na 6, imbere y’umutaga. Icamutanganje: nta mugabo n’umwe yari mu ndimiro izo saha. Hari abagore gusa. Bamwe bariko bararima abandi bariko barimbura. Ikibazo yaciye yibaza kwari kumenya iyo abagabo bari. Nikwo kwegera abo bakenyezi kugira ababaze. Ariko bamwe ntibashimye gutomora ibijanye n’ubuzima bwo mu ngo zabo…
Turi isaha 5 n’iminota 20 z’umuhingamo. Ku mutumba Muyira, komine Kanyosha. Izuba rimena imbwa agahanga. Domitira*, w’imyaka 41, ariko arimbura ibiharage. We n’umwana wiwe w’imyaka 4 bicaye hasi. Nta wuvugana n’uwundi. Hirya gato, inyoni ziriko ziraririmba. Domitira* ntashima kuvuga ibijanye n’umugabo wiwe.
“Sinzi iyo yagiye. Kuberiki mumbajije ico kibazo? Umugabo aja iyo ashaka agatahira aho ashakiye. Ivyo jewe ntaco bintwaye. Ushobora gusanga ari gusumira abana”, nikwo yishuye.
Ariko umumenyeshamakuru abandanya amusatira :
“None birakunezera kwama mu mirima uri wenyene ?” Uno mukenyezi yahavuye atanga inyishu yerekana ko bitameze neza : “None ga data wanje ko bivugira ngo umugore yaremewe kurera abana no kurima gusa ! Simbona igituma umbazagiza ”.

Karara* afise imyaka 34. Aba muri zone Ramba muri komine Kabezi. Ni ku birometero bishika 20 mu bumanuko bw’umurwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura. Umumenyeshamakuru yamusanze ariko aratera ibigoti. Kubera iki uriko urakora wenyene? Umugabo wawe ari he? Afise umupanga mu minwe, Karara* yishuranye isoni ku maso :
“Abagabo ntibakunda kwicafuza n’intakataka. Bishakira kuguma basa neza, bayagayaga. Kurima ni akazi k’abagore gusa ! ”.

N’iyo bishitse umugabo wiwe akaza kumufasha, ntateba mu ndimo. “Igihe cose aje kumfasha kurima, ahamara isaha imwe gusa. Kenshi aca ambwira ko arose ikintu cihuta agiye gukora, agaca yigira ”. Yongerako ati:
“Rimwe rimwe abantu barambwira ko bamubonye mu maligala canke mu bunywero. Naramaze kubimenyera. Icombabaza ni uko nomwumva ari mu bandi bagore. Yemwe, twoyatamba tutayavyaye! ».
None abagabo bisigura gute ku vyo bagirizwa? Yohani Miburo ni umwe muri bo.
« N’aho mutatubona mu ndimiro impande y’abagore bacu ntibisigura ko tudafasha mw’iterambere ry’imiryango yacu. Tuba dufise ibindi turiko turakora. Nk’akarorero jewe ngenda imisi yose ku kiyaga nkatahana ifi canke indagara. Kandi abana barazikeneye. Abagore ntiboca baguma bidoga », nikwo asigura.
Mugenzi we Sylvère*, umwubatsi, babibona kumwe :
« Mu miryango turakeneye amahera. Ayo nayo aronderwa n’abagabo».
Naho biruko, haba mu kumoso canke mu Kabezi, Ivomo ryariboneye abagabo birirwa ku ma « ligalas », bariko barakina inkino zitandukanye (urubugu, inkarata , … ). Ivyo bakabikora mu masaha abagore baba bari mu mirima. Nka hose ryasanga izo nkino baziteramiyeko ataco binona, gushika mw’ijoro.

Abagore nka bose baganiriye n’Ivomo basa n’abamaze kumenyera “ubunyakamwe”. Bavuye mu ndimiro, bamwe baca baja kwisumamwo mu rudandazwa rutoruto, kugira barondere ingene bagaburira abana.
Donavine* afise imyaka 26. Aba mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura. Imbere y’umutaga akora mu mirima. Inyuma ya wo naho akadandaza ifu. Imisi yose, ku mugoroba, aramanuka mu gisagara kurangura. Igihe bahura n’umumenyeshamakuru wacu, uwo mugore yariko aduga imisozi ihanamiye igisagara. Umufuko w’ifu ku mutwe, umwana mu mugongo, uwundi w’imyaka 5 ari inyuma n’agasaho k’amakara. Icuya ni jejeje, uburuhe….

Yayagiye ivomo :
“Imisi yose mu gitondo nzindukira mu mirima. Ngodoka isaha 6 z’umuhingamo kugira manuke mu gisagara kurangura ivyo nja kudandaza. Nta kanya na gatoya ndonka ko kuruhuka kubera nshitse muhira nca ntangura gukinjika .” Yongerako ati: “Nije jenyene nkurikirana ivy’indero y’abana. Ukwo biri kwose, abagabo barazi ko atakanya na gatoya dufise kuko bobo baraja ku kabare bagasoma agacupa, bakanaruhuka. Umugore wo mu mitumba ahirahiriye akaja mu kabare, abantu baca batangura kuvuga ko yabaye isimbarubebe. Hamwe hamwe, abajejwe umutekano barashobora no kuguhagarika uravye nabi ”.
Mu mwaka wa 2012 reta y’Uburundi yashizeho « Politike y’igihugu ijanye n’uburinganire bw’ibitsina ». Mu gutunganya iyo ndinganizo, yari ihejeje gutanguza urugamba rwo kurwanya ikumira rishingiye ku gitsiba iyo rituruka hose. Iryo kumira, ni imwe mu nkomoko z’« ubusumbasumbane mu mibano ». Mu bisanzwe, abategetsi bari bazi ko ubusumbasumbane ari bwo nzitizi nyamukuru ku mugambi wo kugwanya ubukene (CSLP II). Vyari vyihutirwa rero gutanguza iyo politike kugirango intambanyi zose kw’iterambere nyakuri zihave.
Ikibabaje, uwo mugambi ntiwigeze uja mu ngiro neza. Haciye imyaka irenga 7. Umukenyezi mwirimizi aracakumirwa ahatari hake, mu gihe ari we n’ubu afise uruhara rukomeye mw’iterambere ry’igihugu n’imiryango kurusha n’abagabo batari bake.
*amazina yarahinduwe