Kw’igenekerezo rya 18 ruheshi uyu mwaka niho Evariste Ndayishimiye aherutse gutorerwa kurongora Uburundi yimikwa. Ibirori vyabereye ku murwa mukuru wa politike, Gitega. Ndayishimiye ninde ?
Ni umwe mu bihangange vy’umugambwe CNDD-FDD. Yavutse kuwa 5 ndamukiza 1968, ku mutumba Musama, komine Giheta, intara ya Gitega.Yatanguye amashure y’intango mu mwaka w’1976, arangiza ayisumbuye mu 1991. Yaciye yinjira Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’amategeko. Mu mwaka w’1995 iyo kaminuza yabayemwo ubwicanyi bwahitanye abanyeshure bo mu bwoko bw’abahutu. Ndayishimiye aca arahunga…
Niko kwinjira muri CNDD-FDD, umwe mu mihari yitwaje ibigwanisho yagwanya leta y’ico gihe. Bivuye ku bumenyi yakuye mu mashure, ntiyatevye kuja mu rwego rw’indongozi z’uwo muhari. Mbere muri 2003, yaronse ipete rya Géneral. Uwo mwaka nyene, niho umuhari CNDD-FDD watera igikumu ku masezerano y’i Pretoria (Afrika y’epfo) hagati yawo na leta yari irongowe, ico gihe, na Domisiyano Ndayizeye. Ayo masezerano yari yerekeye igabanganwa ry’ubutegetsi mu vya politike, ivya gisirikare n’ivy’ubutunzi, hisunzwe ubwoko.
Mu mwaka wa 2003, uwo muhari winjira muri leta, maze Neva ashirwa mu mugwi ujejwe gukurikirana ibijanye no guhagarika intambara. Muri 2004, yahawe kurongora igisata kijejwe ibikoresho mu gisirikare c’Uburundi (logistique). Inyuma y’imyaka 2, yahavuye agenwa kuba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu (2006 – 2007).
Kuva 2007 gushika 2014, yari umuyobozi mwishikira ajejwe ibibazo vya gisirikare mu biro vy’umukuru w’igihugu. Inyuma y’aho yagiye aragenwa mu yandi mabanga atandukanye ; yarabaye umuyobozi mukuru w’ishirahamwe riraba ivy’indege mu Burundi (muri 2014-2015), hama aba umuyobozi mwishikira ajejwe ibibazo vy’abanyagihugu mu biro vy’umukuru w’igihugu (2015-2016), mu nyuma agenwa kuba umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD.
Muri munyonyo 2020, yatowe mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe wiwe nk’umukandida azowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu ya 2020. Akaba aherutse kuyatsinda.
Tubamenyeshe ko Neva ari umwana wa Gahungu Michel na Kasa Renata. Yubakanye na Njelina Ndayubaha. Bafise abana umunani.