Livia Thiana Iteka ni we yaraye atowe nk’umurundikazi mwiza, w’akaranga kandi aciye ubwenge.
Uwo mwigeme aturuka mu gisagara ca Bujumbura yaronse ubushimwe butari buke: imodoka nshasha yo mu bwoko bwa “Ractis”, itike y’indege yo kuja gutembera i Dubai, umushahara w’umwaka wose, ibahasha y’amafaranga angana na 3.600.000 BIF. Azorihirwa n’ishure umwaka wose.
Icegera ciwe (1ère Dauphine), ni Bernice Muhoranamana. Na we nyene ni uwo muri Mairie ya Bujumbura. Yahawe imiriyoni zibiri (2.000.000 BIF).
Icegera ca kabiri (2ème Dauphine) ni Sabrina Saba Nshimirimana. Uyu na wenyene yamuka mu gisagara ca Bujumbura. yaronse umuriyoni n’inusu (1.500.000 BIF).
Dative Uwimana, aturuka mu ntara ya Kirundo, mu buraruko bw’Uburundi, ni we yatahukanye ikibanza c’uwatowe na benshi ku mbuga ngurukanabumenyi : « Miss popularity ». yahawe agashimwe k’umuriyoni (1.000.000 BIF).
Hari haciye imyaka irenga itatu ihiganwa Miss Burundi risa n’iritifashe neza kubera ibinenge vyagiye birirangwamwo. Iri ry’uno mwaka, abatari bake bavuganye n’IVOMO barashima ko ryatunganijwe neza.