Haraciye imisi Uburundi busugerejwe n’ubukene bw’ibitoro vyo mu bwoko bwa “petrole”, “essence” na “mazout”. Iyi ngorane yatumye kwiyunguruza kugorana rwose mu gihugu ndetse n’ibiciro vy’ibifungurwa biraduga. Icatangaje bamwe n’abandi, ni uko inzego z’igihugu, uhereye ku bushikiranganji bw’ubudandaji, zitigeze zitanga umuco neza kuri izo ngorane.
Kuri parakingi nkuru yo mu gisagara ca Bujumbura, kuva isaha zitandatu z’umurango, uhasanga imirongo miremire cane y’abantu (abagodotse canke abanyeshure bavuye kw’ishure) barindiriye ama Bus kugira batahe. Kenshi usanga imodoka, muri ico kibanza, ziri ku rushi canke mbere ata zihari. Kubera uburuhe no kwihebura, bamwe usanga bahavuye bakicara hasi. Imodoka ishitse, hurira uwiyumva. Kunagana. Gusunikana. Imyereka. Guca mu madirisha. Nimwiyumvire namwe umukenyezi yambaye imvutano ariko araca mw’idirisha! Ibi vyarabaye! Aho ga, bamwe bashika muhira bakomeretse.
« Maze imisi ibiri ntondeye igitoro !». Ni ko umwe mu bagendesha imodoka zunguruza abantu zo mu bwoko bwa Coaster yabwiye IVOMO kuri uwu wa kabiri. Ni igihe yari aje gupakira. N’agashavu kenshi yongeyeko ati:
«Nimureke ku nkoroga. Nsanzwe mbabajwe n’ingene banse kunyuzuriza. Ibintu vyabaye ubugesera. Simbona ingene tugiye kubaho».
Uwugendesha Coaster
Nta makuru atomoye inzego zitanga!
Umumenyeshamakuru w’IVOMO yegereye abari ku mirongo, yarumvise ikiyago gihambaye hagati y’abanyagihugu babiri. Umwe yabwiye mugenzi we ati: “None ibi bintu biriko biva kuki? Jewe nukuri ivy’Uburundi bisigaye binsiga”. Uri uwundi nawe, n’umwiheburo, arishura:
“Reka mwana wa mama. Tugiye kurwa mu bana. Ikibabaje gusumba ni uko inzego z’igihugu zibereye mu gacerere nta ngere! None ngaha ntizibona ko turemvye? Jewe mba hirya ya Carama. Ku wa kane w’indwi iheze naronse Bus isaha zine z’ijoro! Mu bihe nk’ibi tuba dukeneye ko inzego ziduhumuriza. ”
Mu bisanzwe, iduga ry’igiciro c’ibitoro rifitaniye isano n’intambara iriko ihuza ibihugu vy’Uburusiya na Ukraine. Yadutse mu kwezi kwa kabiri uwu mwaka. Amakungu yagirije Uburusiya ko bwahonyanze amategeko mpuzamakungu mu kuvogera Ukraine. Yaciye abufatira ibihano vy’ubutunzi. Ibi vyatumuye budashobora kubandanya bushorera hanze ibitoro vya bwo nk’uko bwahora. Ni mu gihe buri mu bihugu vya mbere kw’isi bibidandaza. Ibiciro vy’ibitoro vyaciye biduga cane i Buraya. Mu nyuma, ingaruka zatandukiriye iyindi migabane hadasigaye inyuma uwa Afrika. Abahinga bavuga ko iri duga ry’ibiciro rishobora kubandanya gushika muri 2024.
Birumvikana rero ko atari ingorane Uburundi bwisangije. Gusa, yaje isongera isibe na rirya iki gihugu cari gisanzwe kidafise amafaranga y’agaciro akwiye, kubera imvururu cari gihitiyemwo. Kuri iyo mvo, inzego z’igihugu zikwiye kuja ziratanga amakuru atomoye ku mwanya ku mwanya, abanyagihugu bagatahura ibiriko birabashikira. Zikwiye kubahumuriza. Zategerezwa no kubaha impanuro zijanye n’ingene bakwiye kuvyifatamwo.
Mu bindi bihugu babigenjeje bate ?
Tuje muri Tanzaniya. Inyuma y’imisi mikeya intambara hagati ya Ukraine n’Uburusiya itanguye, umukuru w’ico gihugu Samia Suluhu Hassan yakoranije abategetsi batandukanye maze abatekerera ijambo bashira abanyagihugu. Yababwiye ati:
“Bagenzi, intambara iriko iraba hagati y’Uburusiya na Ukraine yatumye ibiciro vy’ibitoro biduga. Ibi rero bigiye gutuma n’ibiciro vy’ibindi bidandazwa biduga. Gende mubisigurire abanyagihugu, babimenye, bavyitegurire. Babwize ukuri. Babwize ukuri. Nimubahishuke”.
Samia
Iyi ngingo yatumye imyidogo mu Batanzaniya iba mike. Inyuma yo gusigurirwa, baratahuye neza ibiriko biraba mu makungu n’ingaruka ya vyo ku gihugu ca bo.
Muri Kenya ho, reta yashitse kure. Mu mpera z’indwi iheze, yarabonye ko ibiciro biriko biraduga ku rugero rudasanzwe. Umukuru w’igihugu, Uhuru Kenyatta, yaciye afata ingingo yo kuduza imishahara y’abakozi ba reta bose ku bice 12 kw’ijana. Yagiye mu ngiro kw’igenekerezo rya mbere rusama uwu mwaka. Hari ku musi mpuzamakungu w’akazi n’abakozi.
Turangize
Ni ngombwa rero ko inzego ziwugira uwa zo umugenzo wo gusigurira neza abanyagihugu ibiriko biraba mu gihugu cabo. Ni vyiza ko zishura abamenyeshamakuru igihe cose bazirondeye ku bibazo bikomeye vyerekeye ubuzima bw’igihugu. Mu bisanzwe, guhora si inyishu. Ahubwo gutuma abanyagihugu batakara, bakibibaza vyinshi, ndetse bakaja mu bihuha. Mbere, bivanye n’uko imbuga ngurukanabumenyi ziriko ziriganza mu gihugu, bica binyaruka. Twibutse ko ibihuha ari kimwe mu bituma haba akajagari n’umutekano muke mu gihugu.